Inscrivez-vous pour participer à nos débats
----------
Iyandikishe kugira ukurikirane ibiganiro vya MAP-Burundi Buhire
Umuhari w'Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE uramenyeshe Abarundi ko uzotunganya ikiganiro ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza mur'uyu mwaka w’2024 (20/04/2024), kuva isaha cumi na zibiri y'umuhingamo (18h) gushika isaha zibiri ku mugoroba (20h), amasaha y'i Bujumbura. Abatumire bazotuyagira ivyerekeye UBUSHINGANTAHE mu Burundi. Ubushingantahe n'iki ? Urugo rwitegurira intahe gute? Ukwatira urugo bigenda gute ? Abashingantahe baranguye iki mu mibano y'Abarundi muri kahise, barangura iki muri bino bihe ? Bazorangura iki muri kazoza k'Uburundi? Abazotuyagira n'inararibonye ziri mu rwego rw'Abashingantahe mu Burundi no hanze y'Uburundi, n'abashakashatsi bakongera bakaba abigisha muri za kaminuza.
Nabo ni:
1) Adrien Sibomana, yabaye umushikiranganji wa mbere akaba ariwe Mukuru w'Inama Nkuru y'Abashingantahe.
2) Pr Père Liboire Kagabo, umwigisha muri kaminuza, umwanditsi ku Bushingantahe mu Burundi.
3) Pr Barbara Ndimurukundo-Kururu, umwigisha muri kaminuza akaba n'umwanditsi ku Bushingantahe mu Burundi.
4) Joseph Ndayegamiye, arongoye Inama y'Abashingantahe mu Ntara igizwe n'ibihugu vya Buraya.
Ikiganiro kizoremeshwa n'umumenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru.
Abipfuza gukurikira ico kiganiro bokwiyandikisha kugira bazorungikirwe umuhora bazogikurikiranirako.
https://www.map-burundi.org/evenements-conferences
Tubaye turabashimira.
TUGIRE UBURUNDI BUHIRE, AMAHORO, INTAHE N'ITERAMBERE. Umuvugizi wa MAP-BURUNDI BUHIRE, Libérat Ntibashirakandi
Abazotuyagira / Conférenciers et modérateurs
Adrien Sibomana
Conférencier
Joseph Ndayegamiye
Conférencier
Prof. Barbara Ndimurukundo-Kururu
Conférencière
Gilbert Niyonkuru
Modérateur
Prof. Père Liboire Kagabo
Conférencier
MAP-BURUNDI BUHIRE